INZEGO NSHINGAMATEKA NA NKENGUZAMATEKA MUBURUNDI

 INTANGAMARARA 

Imyidogo abanyagihugu bafitiye Abashingamateka n’A-bakenguzamateka ntiyari ikwiye kubaho kuko abo baduserukira bafise uburyo n’ububasha bukwiye bwo kuvugira vy’ukuri aba-nyagihugu babatoye. Nk’akarorero, ibwirizwa Shingiro ry’Ubu-rundi riratomora ko Abashingamateka n’Abakenguzamateka ba-serukira igihugu cose (ingingo y’149), ko badashobora gukuriki-ranwa canke ngo bafatwe bahowe ivyo bavuze canke ingene ba-toye (Ingingo y’150). None mwumva ari iki kibabuza guharanira ineza ya bene gihugu bose?

Si ivyo gusa. Ubutegetsi na bwo bw’Inama Nshingama-teka na Nkenguzamateka buhagaze cane cane ku kwemeza ama-bwirizwa no kugenzura ibikorwa vya Reta (ingingo ya 158), ibi-tegekanywa kuringanizwa n’amabwirizwa, na cane cane ibintu vyose bitunganywa n’amabwirizwa (ingingo 159 na 160). None ni kuki bareka hagatorwa amategeko amwe amwe asubiza inyu-ma Umurundi, na cane cane Umurundi mutomuto?

Hari umunyagihugu yasavye ko bomenyeshwa ibijanye n’amabanga y’Abashingamateka n’Abakenguzamateka. Twashi-mye rero kubamenyesha ico Ibwirizwa Shingiro ritegekanya ku-ri izo nzego z’abaserukira abanyagihugu. Bisome rero kandi mu-bitegere, muzobatorere ico muzi. N’abo batorwa bamenye ico bajejwe ku neza ya bose si bibi kandi bakazobishira mu ngiro. Twokwiyemeza kandi ko ubu tutatuzotora uwuza kuduza ukubo-ko gusa, ahubwo twipfuza gutora uwushobora guharanira uku-baho runtu kwa zina Murundi.

 

NTAHONSHIKIYE Placide 

Who's online

There are currently 0 users and 79 guests online.